Uko wahagera

Mali: Intagondwa z'Abayisilamu Zateye Mopti


Abikekwa kw’ari intagondwa z’aba Islamu bishe abasivile babiri, n’umukozi akora muri duoane, baraturira imodoka mu gitero bagize ku biro vya gasutamo, mu gisagara ca Mopti, kiri hagati mu gihugu ca Mali, ku musi wa kane.

Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu ca Mali.

Intagondwa z’abayisilamu zikorera mu buraruko bwa Mali zaraguye akarere zikoreramwo mu mezi ya vuba mu kugira ibitero bitari bike.

Intagondwa z’abayisilamu zarishe abantu mirongo ibiri, mu gitero zagize kw’ihoteri ku murwa mukuru Bamako, mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze. Abandi mirongo itatu barishwe mu gitero cabaye ku murwa mukuru wa Burkina Faso, mu kwezi guheze.

Ku musi wa kabiri, imodoka y’igisirikare yarasetse mine, hagati mu gihugu ca Mali, abasirikare batatu barahasiga ubuzima. Ivyo bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi

Al-Qaida niwo murwi ukorera cane mu karere ka Magreb, yamara umurwi Macina Liberation Front, niwo wikekwa mu gitero cabaye mu gisagara ca Mopti.

XS
SM
MD
LG