Uko wahagera

USA: Leta za Nevada na Karolina ya Ruguru mu Matora


Bernie Sanders, umwe mu bakandida barondera guhagararira umugambwe w'Abademokarata mu matora y'umukuru w'igihugu azoba mu kwezi kw'icumi na rimwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Bernie Sanders, umwe mu bakandida barondera guhagararira umugambwe w'Abademokarata mu matora y'umukuru w'igihugu azoba mu kwezi kw'icumi na rimwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Umudemokarate w’Umusosialisite, Bernie Sanders n’umurwizatunga akomeye cane Donald Trump, baratsinze bikomeye muri Reta ya New Hampshire ejo ku musi wa kabiri, mu matora ya mbere y’ukuhitamwo abazohagararira imigambwe yabo mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Abakandida bahiganwa baciye batangura gushimikira ku matora yimirije mu ma Reta ya Carolina yo mu bumanuko na Nevada.

Bernie Sanders, Senateri wo muri Reta ya Vermont yatsinze Hillary Clinton n’amajwi menshi muri Reta ya New Hampshire. Yamutsinze ibice mirongo itandatu kw’ijana ku bice mirongo itatu n’umunani kw’ijana.

Ku ruhande rw’Abarepublika, Donald Trump yaronse ibice 35 kw’ijana vy’amajwi mu gihe John Kasich yaje mu kibanza ca kabiri yaronse ibice 16 kw’ijana vy’amajwi.

Abakandida barangije n’amajwi menshi baciye buno nyene batangura gushimikira ku matora yimirije kw’italiki 20 z’ukwezi kwa kabiri aho amatora ku Barepublika azoba muri Reta ya Carolina yo mu bumanuko mu gihe Abademokarate amatora azoba muri Reta ya Nevada.

Imisi itatu inyuma yaho amatora aku Barepublika azoba mu ntara ya Nevada mu gihe amatora ku Bademokarate azoba muri Reta ya Carolina yo mu bumanuko kw’italiki 27 z’ukwezi kwa kabiri.

XS
SM
MD
LG