Uko wahagera

Turukiya: Impunzi Zarohamye mu Nyanja


Impunzi zishika 35 z’abanya Siriya zarapfuye kuwa mbere igihe ubwato zarimwo zivuye muri Turukiya zija mu Bugiriki bwibira mu mazi yo mu kiyaga Aegean.

Abasirikare ba Turukiya bajejwe kugenzura inkengera z’ikiyaga barashoboye kurokora impunzi indwi mugihe ubwato bubiri zarimwo bwibira bugeze kunkengera z’igihugu ca Turukiya.

Ubwo bwato uko ari bubiri bwariko bwerekeza mw’izinga ry’Ubugiriki ryitwa Lesbo nkuko bimeyeshwa n’ikinyamakuru ca Turukiya.

Gushik’ubu, abantu bashika 400 nibo bamaze gusiga ubuzima mur’ayo masanganya kuva mu ntango z’uyu mwaka wa 2016.

Uwo muhora uva muri Turukiya uja mu bugiriki ukunda gukoreshwa n’abanyesiriya bahunga intambara hagati y'abanyagihugu, hamwe n’intambara y’umugwi w’intagondwa za Reta ya Kiyisilamu.

XS
SM
MD
LG