Uko wahagera

OMS: Nta Maraso ku Bantu Bagendeye Ahari Zika


Abana bavukanye ubumuga mu mutwe kubera umugera wa Zika, umuvyeyi wabo yari afise igihe yabibaruka
Abana bavukanye ubumuga mu mutwe kubera umugera wa Zika, umuvyeyi wabo yari afise igihe yabibaruka

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, risaba abategetsi kutemera amaraso atanzwe n’abantu baherutse kuva mu bihe vya vuba mu bihugu bigeramiwe n’umugera wa Zika.

Umugera wa Zika wandukira biciye ku mibu ugwiriye cane mu karere ko muri Amerika y’epfo, cane cane mu gihugu ca Brezil, uwo mugera ukaba ugeramiye cane abapfasoni bibungenze.

Abaganga bikeka kw’umugera wa Zika utuma abana bavuka bafise ibibazo vyo mu mutwe.

Igihugu ca Brezil gitangaza kw’abana bavutse bafise ivyo bibazo barenga ibihumbi bine kuva mu kwezi kw’icumi kw’umwaka uheze.

Yamara abahinga baratangazwa n’ukugene ikibazo c’abana bavuka bafise ivyo bibazo gisa n’ikitabazwa mu bindi bihugu vuyo mu karere ko muri Amerika y’epfo aho umugera wa Zika wibonekeza.

Nta miti ihari muri iki gihe y’ukuvura umugera wa Zika.

Yamara amasosiyete atari make kw’isi ariko arihutira gutegenya urucandago rw’uwo mugera.

Prezida w’igihugu ca Brezil, Dilma Rousseff yatangaje ejo ku musi wa kane ko Brezil na Reta Zunze Ubumwe za Amerika biriko bikorana kugira bitore urucandago rw’ukwirinda umugera wa Zika, yamara yagabishije ko bishobora gufata igihe.

XS
SM
MD
LG