Uko wahagera

Zimbabwe: Perezida Mugabe Yatabarije Abanyagihugu


Zimbabwe kw'ikarata
Zimbabwe kw'ikarata

Perezida w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe yatangaje ingingo zo mu bihe vy’amakuba mu bice bitari bike vyo hagati mu gihugu. Izo ngingo zifashwe mu gihe hibonekeza inkurikizi zikomeye z’uruzuba zatumye ibirenga ica kane c’Abanyazimbabwe bageramirwa n’ukubura kw’ibifungurwa.

Zimbabwe yamenyesheje mw’witangazo, uno musi ku wa gatanu, kw’inkurikizi z’urwo ruzuba zifatiye ki gihe citwa El Nino gituma ubushihe bwiyongera. Ivyo bikaba vyatumye ibice mirongo ibiri na bitandatu kw’ijana vy’abanyagihugu bakenera ibifungurwa.

Ibimenyetso vya mbere vyerekana kw’abantu imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana ane na mirongo ine badafise ibifungurwa bihagije, mu bice vyose mirongo itandatu vyo hagati mu gihugu ca Zimbabwe.

Abanebagura Prezida Mugabe bavuga kw’itunganywa gushasha ry’amatongo ritahuriweko na bose ryabaye mu mwaka w’2000, ryongereje ibibazo vy’ubutunzi mu gihugu vyongera bigabanya umwimbu w’igihugu.

Ibihugu bihana imbibe na Zimbabwe mu karere ka Afurika yo mu bumanuko navyo nyene birageramiwe n’ingaruka z’uruzuba.

XS
SM
MD
LG