Uko wahagera

USA Irasaba Amatohoza kw'Iyicwa rya Mugemangango


Reta Zunze Ubumwe z'Amerika zimenyesha ko zumvise ko igipolisi c’Urwanda catangaje ko kiriko kigira amatohozwa ku migenderanire yari hagati y’Umunyarwanda wo mu idini ya Islam akaba numu Imam Mugemangango Muhammad, hamwe n’imigwi y’iterabwoba mpuzamakungu.

Umutegetsi mu bushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika amenyesha ko bumvise ko igipolisi c’Urwanda cafashe congera kirafunga abikekwa kuba barakorana na Mugemangango.Ubu bariko bagigwako amatohozwa.

Mugemangango yishwe arashwe n’igipolisi italiki 24/1/2016 mugihe yariko agerageza gutoroka. Yagirizwa gukorana n’umugwi w’intagondwa wiyita Reta y’ikisilamu

Reta ya Amerika isaba Reta y’Urwanda gukora amatohozwa kurupfu Mugemangango kandi ikubahiriza uburenganzira bw’abantu bose mugihe bapfunzwe.

Mugemangango yishwe yari icegera ca Imam w’umusigiti wa Kimironko mu murwa mukuru w'u Rwanda Kigali.

XS
SM
MD
LG