Uko wahagera

Perezida w'Ubushinwa Yasuye ZImbabwe


Prezida w’igihugu c’Ubushinwa, Xi Jinping, yashitse mu gihugu ca Zimbabwe kuri uyu wa kabiri mu rugendo rw’imisi ine mu karere ka Afrika, urugendo abakwirikirana ibintu bavuga ko rugenewe gukomeza imigenderanire mu vy’ubutunzi n’umutekano.

Yamaze umusi na mugenziwe w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe kw’itongo ryiwe hanze y’umurwa mukuru, Harare.Bitegekanijwe kw’abo bategetsi babiri batera igikumu ku masezerano atari make.

Ubushinwa nico gihugu co mu mahanga gifise imitahe myinshi cane muri Zimbabwe cane cane mu bisata bijanye n’ukwubaka, amasoko ntanganguvu n’uguhanahana amakuru.

Ubushinwa nico gihugu kigura cane ibidandazwa bvyo mu gihugu ca Zimbabwe, cane cane itabi, n’ubutare nk’inzahabu na diamond.Ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyaraziririje ubudandaji n’igihugu ca Zimbabwe, mu kwagiriza leta y’ico gihugu ityozwa ry’agateka ka muntu.

Avuye muri Zimbabwe, Xi Jinping azoja mu gihugu ca Afrika y’epfo ku musi wa gatatu.

XS
SM
MD
LG