Uko wahagera

Hategerezwa Gufatwa ingingo kw'Ihindagurika ry'Ibihe


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama amenyesha kw’ihindagurika ry’ibihe ari ikibazo gitegerezwa kwicarirwa muri iki gihe.

Ivyo Perezida Obama yabitangarije abamenyeshamakuru ku ruhande rw’ikoraniro mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe ririko ribera i Paris, mu Bufransa, aho abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi bariko bakora kugira bumvikane ku ngingo zitegerezwa gukwirikizwa z’ugutuma ubushuhe kw’isi butiyongera ibirenga degree zibiri za Celsius.

Imbere yaho uno musi ku wa kabiri, ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche vyatangaje kw’amasosiyete 73 yo muri Amerika yemeye gushigikira ingingo kw’ihindagurika ry’ibihe. Amasosiyete asabwa kugabanya kurungika imyuka igeramira ibidukikije ibice mirongo itanu kw’ijana.

Uno musi ku wa kabiri kandi, prezida w’Ubufransa, Francois Hollande yatangaje kw’Ubufransa buzoha ibihugu vyo muri Afrika, imiliyaridi ibiri n’imiliyoni ijana y’amadolari mu kiringo c’imyaka ine yimirije kugira bishireho amasoko ntanganguvu atageramira ibidukikije.

Abategetsi b’ibihugu bitari bike bari mw’ikoraniro mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe barashigikiye ejo ku musi wa mbere ingingo y’ugukingira amashamba.

XS
SM
MD
LG