Uko wahagera

ONU: Kohereza Inteko mu Burundi Ntibiragera


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakugu ONU Ban Ki-moon asaba ko inama ijejwe umutekano ya ONU yemera irungikwa ry’umurwi w’ishirahamwe ONU mu Burundi, ahamaze imisi hagaragara ubwicanyi. Ariko Ban Ki Moon ntavuga ko ari inteko zo gucungera amahoro.

Mu rwandiko yashikirije inama ijejwe umutekano ejo kuwa mbere, uwo mutegetsi wa ONU atewe ubwoba ko Uburundi bushobora gusubira mu bihe vy’intambara, ishobora gutandukira akarere kose nako nyene gasanzwe kari mu bibazo vy’umutekano muke.

Urwo rwandiko rumenyesha ko hashobora gufatwa imwe mur’izi ngingo zitatu: Hashobora Kurungikwa mu Burundi inteko za ONU zo gucungera umutekano. Icya kabiri, hashobora kandi kurungikwa umurwi udasanzwe wa politike wo gufasha gutanguza ibiganiro no guharanira agateka ka muntu. Hashobora no kurungikwa umurwi w’abakozi ba ONU wo gufasha umuhanuzi adasanzwe wa ONU Jamal Benomar gushigikira ibiganiro vya politike no guhanura Reta y’uburundi mu bijanye no gukomeza umutekano.

Kubwa Ban Ki Moon, iciza nuko horungikwa umurwi wo gufasha, bivanye nuko ivya politike n’umutekano mu Burundi vyifashe.

XS
SM
MD
LG