Uko wahagera

Papa Faransisiko Yasoje Urugendo muri Afurika


Papa Faransisiko ageze muri Centrafrika
Papa Faransisiko ageze muri Centrafrika

Papa Fransisiko ari mu nzira asubira i Vaticano mu Butaliyano inyuma yuko arangije urugendo mu karere ka Afrika, rwamujanye mu bihugu bitatu.

Papa yavuye mu gihugu ca Centrafrique uno musi ku wa mbere mu masaha ya kare yo ku mutaga inyuma yuko ahimbaje imisa imbere y’abantu isinzi ku murwa mukuru Bangui.

Imbere yaho, ku musigiti ukomeye ku murwa mukuru Bangui, Papa Fransisiko yavuze kw’Abakristu n’Abayislamu ari abavukanyi, kandi ko bategerezwa kwiyamiriza urwanko, kwihora n’ubwicanyi bwitwa ko bukorwa mw’izina ry’idini canke mw’izina ry’Imana yonyene ubwayo.

Papa Fransisiko yavuze ko urugendo rwiwe mu gihugu ca Centrafrique, cageramiwe n’intambara ifatiye kuri politike n’ugutana mu mitwe hagati y’abarwanyi b’aba Kristu n’aba Katolika, rutari kuba rurukwiriye mu gihe atari kubonana n’abo mw’idini ry’aba Islamu.

Mu butumwa yashikirije mu misa ku musi w’Imana, Papa Fransisiko yasavye impande zitana mu mitwe muri Centrafrique gushira hasi ibirwanisho zigashigikira utwigoro tw’uguhagarika intambara ifatiye kw’idini.

Imbere yuko Papa Fransisiko ashika mu gihugu Centrafrique, Perezida w’ico gihugu, Catherine Samba-Panza, yatangaje kw’abantu babona Papa Fransisiko nk’intumwa y’amahoro, bakaba bafise umwizero ko azofasha gutuma abanya Centrafrique basubiza hamwe.

Papa Fransisiko yasuye kandi Kenya na Uganda mu cyumweru gishize.

XS
SM
MD
LG