Uko wahagera

Amerika Ishobora Gufatira Abarundi Ibindi Bihano


Thomas Perriello
Thomas Perriello

Reta Zunzubumwe za Amerika imenyesha ko ishobora kwongereza ibindi bihano kuvyo ico gihugu giherutse gufatira abategetsi b’Uburundi ku musi wa mbere w’iyi ndwi.

Thomas Perriello, intumwa idasanzwe ya Reta Zunzubumwe bwa Amerika mu biyaga bigari yamenyesheje ejo kuwa gatatu ko abo bose bizogaragara ko bafashe inzira yo gohohotera agateka kamuntu, baba abo muri reta, canke abatavuga rumwe nayo bizobagarukako.

Thomas Perriello, ahamagarira reta y’Uburundi n’abo batavugarumwe kwihuta bagatangura ibiganiro vya Politike mu ntumbero yo kugarukana amahoro mu Burundi.

Reta zunzubumwe za Amerika ku musi wa mbere niho yafatira ibihano abategetsi bane b’Abarundi, barimo Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji ajejwe umutekano, Godefroid Bizimana icegera c’uwurongoye igipolisi mu Burundi, Cyrille Ndayirukiye yahoze arongoye ubushikiranganji bwo kwivuna abansi na Godefroid Niyombare yahoze arongoye ibiro bikuru vy’iperereza.

Iyo ngingo yafatiwe abo bategetsi n’ukuzibira amatungo yabo no kubima amavisa yo kuza muri Reta zunze ubumwe z'Amerika

XS
SM
MD
LG