Uko wahagera

Ububiligi: Polisi Yafashe 21Bakekwaho Iterabwoba


Abashikirizamanza mu gihugu c’Ububiligi batangaje uno musi italiki ya 23 y’ukwezi kwa 11 umwaka wa 2015, kw’ibikorwa vy’uguhiga abikekwa iterabwoba vyatumye abandi bantu batanu bahagarikwa. Ibi vyatumye igitigiri c’abamaze gufatwa kigera kuri mirongo ibiri na rimwe, mu gihe umurwa mukuru w’igihugu c’Ububiligi, Buruseri, ukiri ku rugero ruri hejuru cane rw’ukuba magabo.

Imbere yaho uno musi ku wa mbere, abashikirizamanza babwiye igipolisi ku murwa mukuru Buruseri ko bahagaritse abantu bikekwa iterabwoba cumi na batandatu. Yamara Salah Abdelsam akomeye mu bikekwa ubwicanyi bwabereye mu gisagara ca Paris ntarafatwa.

Abashikirizamanza batangaje ko umwe mu bikekwa iterabwoba yakomeretse mu bikorwa vy’ukubahiga. Vyinshi muri ivyo bikorwa, vyabareye mu bice biri mu gisagara ca Buruseri no mu micungararo yaho.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ububiligi, Charles Michel yatangaje ko musi w’Imana taliki 22 ukwezi kwa 11 umwaka wa 2015, ko bafise ubwoba bw’uko hashobora kuba igitero nk’icabereye ku murwa mukuru w’Ubufransa, Paris.

Salah Abdeslam abonwa ko yinjiye mu gihugu c’Ububiligi, kw’italiki 14 z’ukwezi kw’icumi na rimwe, amasaha makeyi inyuma yuko abantu bitwaje ibirwanisho b’umurwi wa Etat Islamique, bishe abantu ijana na mirongo itatu, bakomeretsa abandi amajana n’amajana mu bitero vyo mu gisagara ca Paris.

XS
SM
MD
LG