Uko wahagera

Prezida w'Ubufransa Arabonana na Perezida Obama


Prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande arabonana kuri uyu musi wa kabiri italiki 24 ukwezi kw’11 umwaka wa 2015 na prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama. Ibi ni mu gihe Prezida Obama ari mu rugendo mu bihugu bitari bike.

Intumbero y'urwo rugendo ni ukurondera ukw’abarwanyi b’umurwi Islamic State bafatirwa ingingo hamwe n’ugutorera inyishu iciye mu biganiro ingwano iri mu gihugu ca Syria.

Ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche bimenyesha ko abo bategetsi babiri baza kuganira ivyerekeye gukorana kurushiriza mu runani ruyobowe na Amerika. Urwo runani rumaze ikiringo kirenga umwaka rugira ibitero vy’indege z’ingwano mu bibanza vy’umurwi Etat Islamidque mu bihugu vya Iraki na Syria.

Indege z’ingwano z’igihugu z’Ubufransa ziri muri ako kigoro.

Imbere yuko ava mu gihugu c’Ubufransa agana muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Francois Hollande uno musi ku wa mbere italiki 23 y'ukwezi kwa 11 umwaka wa 2015, yakiye umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza, David Cameron.

Yatangaje ko afise imigambi y’ugusaba inama nshingamateka y’igihugu ciwe muri iyi ndwi kwemeza ingingo y’ukwagura uruhara rw’Ubwongereza mu runani ruyobowe na Amerika, harimwo ibitero mu gihugu ca Syria.

Cameron yongeye asaba ibihugu vy’i Bulaya kwongereza igikorwa c’ugusangira amakuru yerekeye iperereza.

XS
SM
MD
LG