Uko wahagera

Liberiya: Ebola Yongeye Kubura


Mu gihugu ca Liberiya abantu batatu nibo bongeye kumenyekana ko banduye umugera wa Ebola. Ivyo bishitse mugihe ata mezi arahera hahimbajwe mur’ico gihugu umusi mukuru wo gusezerera ico kiza.

Abo bantu batatu bagizwe n’umwana w’umuhungu w’imyaka cumi hamwe n’abandi babiri bo mu muryango wiwe nkuko bimenyeshwa n’abajejwe ubuvuzi muri Liberiya.

Mu kwezi kwa gatanu italiki icenda niho ishirahamwe ryita kumagara y’abantu kw’isi OMS ryatangaza ko Igihugu ca Liberiya kitakivugwamwo Ebola.

Liberia ni kimwe mu bihugu vyo muri Afrika y’Uburengero vyasinzikajwe n’ico kiza aho kuva mu mwaka wa 2013 abantu bashika 10000 bawanduye, muri bo abarenga 4800 bakaba barahasize ubuzima.

XS
SM
MD
LG