Uko wahagera

Burundi: Gutangiza Ibikorwa by'Umugwi Ujejwe Ibiganiro


Kuruyu wa gatanu mu Burundi hatangujwe ku mugaragaro ibikorwa vy'umugwi w'igihugu ujejwe ibiganiro hagati y'Abarundi.

Icegera ca mbere c'umukuru w,igihugu Gaston SINDIMWO yavyuguruye yavuze ko leta y'u Burundi ishima ingingo zafashwe n'akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano ariko yemeje ko ibiganiro bizojamwo abahisemwo inzira y'amahoro bonyene.

Mu bashitsi b'iteka bari mu birori harimwo Crispus KIYONGA, umushikiranganji w'Ubuganda w'ukwivuna abansi akaba ari intumwa ya perezida Museveni nmu biganiro bihuza abarundi.

Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika I Bujumbura mu Burundi Eloge Willy Kaneza ni we utugezaho iyo nkuru.

XS
SM
MD
LG