Uko wahagera

Ubulaya: Amatora yo muri Gineya Yagenze Neza


Abanyagineya batoye ku cyumweru
Abanyagineya batoye ku cyumweru

Intumwa z’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya zagenduje amatora mu gihugu ca Gineya, zatangaje ko naho habaye ingorane zijanye n’ibikoresho, amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku musi wa mungu, yagenze neza kandi yabaye ku mugaragaro.

Ayo majambo yatangajwe uyu musi ku wa kabiri n’umukuru w’uyo murwi, Frank Engel, aratandukanye n’amajambo yashikirijwe n’abanyapolitike batavuga rumwe na reta, bahiganywe mur’ayo matora. Bobo bavuga kw’ayo matora akwiye gufutwa, ngo kuko abayatunganije bayivye, bayibira Perezida Alpha Conde.

Itangazo ryanditswe ku mpapuro zine ryashikirijwe n’uyo murwi w’abarorerezi, rivuga ko hari amakosa atari make yibonekeje mur’ayo matora. Ayo makosa arimwo urutonde rw’amazina hamwe n’ingorane zijanye n’isaha, ibibanza vyo gutoreramwo vyategerezwa kurangiriza ico gikorwa.

Yamara mu kiganiro umushingantahe Engel yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, yavuze kw’ibirego vyashikirijwe n’abatavuga rumwe na reta, bivuga kw’amatora yibwe kandi ko hari n’amakarata yo gutora yashizwe mu dusangu two gutoreramwo, ar’ibirego bitashoboye kwemezwa n’izo ntumwa z’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya.

Abategetsi bo mu gihugu ca Gineya, gushika ubu, ntibarasohora ibiharuro vyavuye mur’ayo matora yo ku musi wa mungu. Vyitezwe ko Perezida Alpha Conde azotsinda ayo matora azomuha akaryo ko gutwara ico gihugu mu kindi kiringo kigira kabiri, naho bisa n’uko amajwi ashobora kuba yegeranye gushika aho hashobora kuba amatora yo mu kiringo kigira kabiri.

XS
SM
MD
LG