Uko wahagera

Burundi: Intamba mu Rugamba Zatsinze Ikipi ya Seychelles


Ikipi y'u Burundi y'umupira w'amaguru yabonye tike yo gukomeza guhatanira irushanwa ry'igikombe c'isi kizoba mu 2018 mu Burusiya.

Mu mikino y’ikurakuranamwo, Intamba Mu Rugamba z’Uburundi, zatsinze ikipe y'Amazinga ya Seychelles ibitsindo bibiri ku busa mu rukino rwabereye I Bujumbura kuri uno musi wa kabiri.

Mu rukino rwa mbere rwabaye mu ndwi iheze, Uburundi bwatsinze Secychelles iwabo, igitego kimwe ku busa. Mu rukino ruzokurikira, Uburundi buzokina na Republika iharanira demokarasi ya Kongo, kw’itariki 9 hamwe no kw’itariki 17 z’ukwezi kwa cumi na rimwe.

XS
SM
MD
LG