Uko wahagera

Burundi: Urwaruka 42 Bararekuwe i Bujumbura


Abarekuwe i Bujumbura
Abarekuwe i Bujumbura

Abantu 42 ahanini bagizwe n’urwaruka barekuwe i Bujumbura mu Burundi inyuma y’imisi itandatu bari bamaze baphunzwe.

Bari bafatiwe muri Mutakura ya komini Ntahangwa ku wa gatandatu w’indwi iheze igihe igipolisi catana mu mitwe n’abantu bitwaje ibigwanisho.

Abo barekuwe uko ari 42 bari hagati y’imyaka 13 na 53 baciye bajanwa ku kibuga c’umupira w’amaguru mu kinama kugira basubizwe mu miryango yabo ku mugaragaro.

Bane kuri 46 bari bafashwe bagumye baphunzwe ku mvo z’amatohoza nk’uko twabibwiwe n’inyamiramabi zo mu Biro vy’igipolisi kijejwe amatohoza BSR.

XS
SM
MD
LG