Uko wahagera

Burundi: Abagirizwa Kudeta muri Gereza za Bonyine i Gitega


Inyuma y’imisi ibiri kigerageza bikankanka, igipolisi c’Uburundi kuri uyu wa gatatu cinjije ku nguvu abanyororo 28 bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi mu twumba twa bonyene kure y’abandi bafungwa mw’ibohero rikuru rya Gitega.

Bafise inkoho zikomakomeye za mitayezi, ibisasu vya rokete, inkofero z’ukwingira, inkinzo na vya vyuka bikoroza amosozi, abapolisi bari hagati y’ijana na mirongo itanu n’amajana abiri bashitse kw’ibohero rikuru rya gitega nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo. Bari barongowe na OPP1 Ayubu na Commissaire atwara akarere k’igipolisi mu ntara zo hagati n’ubuseruko Thadée Birutegusa. Bashitse baciye bahagarikira abapolisi bubaka uruhome rugabura abandi bafungwa n’abanyororo bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi.

Mu nyuma, abaserukira amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo bagerageje kwinjira ariko ntibavyemerewe. N’abo mu gisata ca ONU kiraba ivy’agateka ka zina muntu nta mahirwe y’ukwinjira bagize.

Igihe c’isaha zitandatu z’umutaga ni ho amakuru ava mw’ibohero rikuru rya gitega yavuga ko abo banyororo 28 binjijwe mu twumba twa bonyene. Bane bane basangiye akumba kamwe k’imetero zibiri kuri imwe n’inusu. Muri utwo twumba indwi, abari imbere mw’ibohero rya Gitega bemeza ko abo banyororo ari ho bazokwituma, bagafungurira, bakongera bakaryama.

Hanze y’ibohero rya Gitega, bamwe mu bagize imiryango y’abo banyororo bari baje kuraba ibiriko biraba. Umwe muri abo yagize, ati: «Maze imisi itatu ntamubona, kuva kuwa gatanu umuntu wanje sinemerewe kumugemurira kandi ntapfa ivyafunguye; mfise ubwoba ko ashobora n’ugupfa.»

Amashirahamweb yigenga n’ayavuga ko ingingo y’ugufungira abo banyororo ukwa bonyene ari ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Pascal Irahira, arongoye ishirahamwe riharanira uburongozi bwiza, EPL, ati: «Umuntu igihe ataracirwa urubanza aba ari umwere kandi ategerezwa kugumana agateka k’iwe.»

Maitre Fabien Segatwa, umwe mu bashingwamanza baburanira abo banyororo, avuga ko ivyakozwe ari ihonyangwa ry’amategeko.«Amategeko ariho ngo akurikizwe. Igihe amategeko ari mu bitabo gusa mu nyandiko, aca ahinduka impfagusa.

Abapolisi 30 ni bo bari mw’ibohero rya Gitega kugira bacunge abo banyororo bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi ngo ntibave mu twumba babashizemwo. Amategeko agenga abanyororo avuga ko umunyororo ashobora gufungirwa mu kumba ka wenyene mu misi munani ya mbere acinjira ibohero mu gihe c’amatohoza canke naho mu gihe yigenjeje nabi mw’ibohero. Naho nyene ntarenze amassha 24.

Gushika ubu, ubushikiranagnji bw’ubutungane na Parquet nkuru ya Republika ntibaravuga icatumye hafatwa iyo ngingo y’ugufungira abo banyororo mu twumba twabonyene.

XS
SM
MD
LG