Uko wahagera

Abanyarwanda Bane Birukanwe mu Ntara ya Kayanza


Inkurikizi za Politiki mu Burundi
Inkurikizi za Politiki mu Burundi

Aba Banyarwanda bamenyeshejwe ku musi wa mbere ko bafise amasaha 48 kugira babe bavuye ku butaka bw’Uburundi. Kur’uno wa gatatu bazindutse basubira mu gihugu c’u Rwanda, nk’uko uwurongoye komisariya y’igipolisi mu Kayanza yavyiganiye abamenyeshamakuru. Yanabamenyesheje ko abo bagabo uko ari bane birukanywe ku butaka bw’Uburundi kuko badafise ibipapuro bibaha uburenganzira bwo kuhaba.

Umwe mu Banyarwanda birukanwe yitwa Twagirimana Salum. Yahora adandaza muri boutique. Yubakanye n’Umurundikazi ngaha mu Kayanza. Umukobwa w’iwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko se amuvyara yari amaze hafi imyaka itanu aba ngaha mu Kayanza. Ico yari afise kimuranga rwari urupapuro bita “attestation de residence” nk’uko umwigeme w’iwe yabisobanuye.

Yavuze ko igihe se yamenyeshwa ko ahawe amasaha 48 ngo abe yavuye ku butaka bw’Uburundi vyabatunguye mu muryango. Agasaba ko hamwe yoronka vya ngombwa bikwiye bomureka akagaruka mu Burundi kuko ari ho yari afise ubuzima.

Bamwe mu banyarwanda bisumamwo mu kayanza twashoboye kuvugana batumenyesheje ko bafise ubwoba ko nabo bashobora kwirukanwa umwanya n’umwanya.

XS
SM
MD
LG