Uko wahagera

Perezida Obama na Putin Ntibumvikana kuri Siriya


Perezida Obama wa Leta zunze ubumwe z'Amerika na Putin w'Uburusiya i New York, tariki ya 28 y'ukwa cyenda 2015
Perezida Obama wa Leta zunze ubumwe z'Amerika na Putin w'Uburusiya i New York, tariki ya 28 y'ukwa cyenda 2015

Perezida Barack Obama wa Leta zunzubumwe za Amerika na Perezida Vladimir w’Uburusiya ejo kuwa mbere barahaririye bikomeye ku kuntu ingwano imaze imyaka ine muri Siriya yorangira.

Imbere yuko abo bategetsi babiri babobana, Perezida Obama yari yabanje gushikiriza ijambo mu nama ya bose ya ONU ko atakuntu igihugu ca Siriya cosubizwa mu ntambara hagaseseka amaraso.

Ati igikwiye nuko hotegekanwa ingene Siriya coba kiratwarwa ivy’imfatakibanza, Perezida Bashar Al-Assad agakurwa kubutegetsi.

Ariko Perezida Putin w’Uburusiya we siko abibona. Mw’ijambo nawe yashikirije yavuze ko boba bakoze ikosha rikomeye cane mugihe batokorana na reta ya Prezida Bashar Al-Assad mu kurwanya umuhari w’abarwanyi ba Reta ya Islamiste.

Perezida Vladimir Putin ahamagarira amakungu gukorera hamwe mur’uko kurwanya umuhari w areta ya Isalmiste nkuko amakungu yagiye hamwe mu kurwanya Umudage w'intagondwa Adolphe Hitler mu ntambara ya kabiri y’isi yose.

XS
SM
MD
LG