Uko wahagera

Impari Zijanye N'itungwanywa Ry'Ibiganiro Bizohuza Abarundi


Uruhagarar rwa politike
Uruhagarar rwa politike

Abatavuga rumwe na reta bahurikiye mu runani CNARED ntibavuga co kimwe na reta y'Ubuurndi ku vyerekeye ukuntu ivyo biganiro vyotunganywa

Reta y’Uburundi mur’iyi misi iheze, yarasohoye itegeko rizoshiraho umurwi ujejwe kwiga ukuntu ivyo biganiro vyatunganywa.

Abatavuga rumwe na reta, bariyamirije uyo mugambi wo gushinga uyo murwi, bakaba bavuga kw’ivyo, ar’inkamico.

Reta y’Uburundi ivuga kw’ivyo biganiro vyoba hagati y’abarundi,mu gihe abayigwanya bipfuza ko vyotumirwamwo n’abanyamahanga.

Reta Y’Uuburundi yaratangaje kandi kw’abahurikiye mu runani ivuga ko tutemewe, batazotumirwa mur’ivyo biganiro. Abahurikiye mu mu runani CNARED bobo bavuga ko bashaka ibiganiro,bitazoba birimwo president Pierre Nkurunziza:

Reka dutege amatwi abatumire bacu mur'iki kiganiro, Pancras Cimpaye, umuvugizi w'urwo runani, Innocent Bano ahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD hamwe n'umuhinga mu vyerkeye ibibazo vya politike mu ntara ya Afrika y'ibiyaga binini, Ndorimana Semana:

please wait

No media source currently available

0:00 0:55:20 0:00

XS
SM
MD
LG