Uko wahagera

Impunzi Ibihumbi Zafatiwe muri Sitasiyo y'Amatereni muri Budapest


Impunzi zinjiye mu gihugu ca Hongriya, kw'italiki 31 z'ukwezi kw'umunani, umwaka w'2015
Impunzi zinjiye mu gihugu ca Hongriya, kw'italiki 31 z'ukwezi kw'umunani, umwaka w'2015

Abantu bashika kubihumbi bibiri, bari mu gisagara ca Budapest, muri Hongriya, kw’irembo ry’inyubakwa gari ya moshi yarikiriramwo ingenzi, babuze iyo baja, inyuma yaho abategetsi babimiye uburenganzira bwo kwinjira mu Budagi no muri Autriche batagira impapuro z’inzira zitangwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya.

Ku musi wambere abagetsi ba Hongriya bari bafashe ingingo yo kurekura abantu bari bamaze indwi zitatu hanze yaho bategerera amagari ya moshi kugira babandanye urugendo rwabo ata mpapuro z'inzira bafise.

Yamara ku muwi wa kabiri, inyuma yaho bahinduriye iyo ngingo,vyatumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bari batanguye urugendo rwabo, babura iyo baja. Abategetsi bo bavuga ko bariko baragerageza kwubahiriza amategeko y’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ibihugu vya buraya.

Igihugu ca Hongriya ni kimwe mu bihugu vya mbere abantu bacamwo mu kwinjira mu bihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya, muri uyu mwaka honyene hakaba hinjiyeyo abantu barenga ibihumbi ijana na mirongo itanu na bitandatu (156).

Amategeko y’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ihugu vya buraya ategekanya ko umuntu asaba ubuhungiro mu gihugu c’ambere ashikiyemwo. Ubu rero bisigura kw’ igihgu ca Hongriya kibujijwe kwemerera impunzi gucayo baja mubindi bihugu vya buraya.

Yamara mu ndwi iheze ubudagi bwari bwa tangaje ko bwemereye guha ubuhungiro abanya Syria binjira mugihugu cabo. Ivyo rero bigatuma ukudakurikiza amategeko mu buryo bumwe bijuragiza abantu.

XS
SM
MD
LG