Uko wahagera

Umukinyi Saido Berahino azobonana n'abayobozi ba West Bromwich


Umukinyi w'umurwi West Bromwich Albion, Saido Berahino
Umukinyi w'umurwi West Bromwich Albion, Saido Berahino

Mu gihe ku musi wa kabiri, italiki imwe y’ukwezi kw’icenda, umwaka w'2015, ariwo wari musi wa nyuma w’ukugura n’ukugurisha abankinyi ku ma clubs y’umupira w’amaguru mu gihugu c’Ubongereza, kubera ku muwi wa mbere, italiki 31 z’ukwezi kw’umunani, umwaka w'2015, amabanki yari yugaye kubera wari umusi w’akaruhuko, umurwi w’umupira w’amaguru, West Bromwich Albion wankinye umukinyi wawo w’umusatirizi akomoka mu Burundi, Sido Berahino, kuja gukinira umurwi, Tottenham Hotspur.

Umurwi, Tottenham Hotspur, wagerageje incuro zine kugura umukinyi Berahino, yamara umurwi akinira muri iki gihe, West Bromwich Albion, uranka kumurekura.

Sido Berahino, akina mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza w’abakinyi bari musi y’imyaka mirongo ibiri n'umwe.

Berahino, yinjiye ibitsindo 22 mu murwi wiwe, West Bromwich Albion, muri saison irangiye, yatangaje inyuma yuko club yiwe yanse kumurekura kw’atazosubira gukinira iyo club igihe cose, Jeremy Peace, azoba ariwe ayiyoboye.

Avuga ko babajwe n’ukugene club yiwe yamufashe.

Tubamenyeshe ko Tottenham, yari yemeye gutanga ku ncuro ya kane imiliyoni 24 z’amapounds, n'ukuvuga hafi y’imiliyoni 37 z’amadolari y’Abanyamerika, mu gihe umurwi West Brom wo washaka imiliyoni 25 z’amapounds.

Muri ico gihe, abayobozi b’umurwi ,West Brom Albion, batangaje ko bazogirana ibiganiro na ,Saido Berahino, inyuma yuko umurwi Tottenham Hotspur, udashoboye kumugura.

Bisa n’uko Berahino azotangishwa ihadabu kubera ivyo yatangaje, ku rubuga Twitte,r aho asa n’uwanebaguye, Jeremy Pearce, ayoboye umurwi West Bromwich Albion.

Berahino azobonana n’umumenyereza mukuru w’umurwi, West Bromwich Albion, Tony Pulis, n’abandi bategetsi bakomye b’uwo murwi.

.

XS
SM
MD
LG