Uko wahagera

Raporo y'Ishirahamwe Amnesty International kw'Ifatwa Bunyamaswa ry'Abatavuga rumwe n'Ubutegetsi bw'Uburundi


Ishirahamwe Amnesty International rivuga ko inzego z’iperereza n’Iz’igipolisi zikubagura zikongera zigahohotera abantu bafunzwe kugira babasokoremwo amajambo, inkuru canke ntibavuge ivyo bazi.

Ivyo nivyo iryo shirahamwe ryashikirije muri raporo ryasohoye kur’uyu wa 24/8/2015.

Bumwe mu buryo iryo kubagurwa rigigwa, Amnesty International, ivuga ko inzego z’umutekano zikoresha ivyuma mu gukubita abantu, n’amazi ya acide ku mibiri y’abantu.

Muri raporo bise “Mbwira gusa ivyo mushaka ko niregako” Ikubagurwa n’ihohotera rigigwa n’igipolisi c’uburundi n’ibiro vy’iperereza kuva mu kwezi kwa kane umwaka 2015, Amnesty yagize icegeranyo c’ibintu biteye agahinda vyashikirijwe n’abantu bakubaguwe bari mumaboko y’inzego z’umutekano.

Amnesty international ivuga kandi ko abanyagihugu bari mu munyororo bakorewe ikubagugwa n’ihohoterwa, ari abantu bafashwe kuva mukwezi kwa kane, abaketswe kuba bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Presida Petero Nkurunziza, abamenyesha makuru hamwe n’abakozi b’amashirahamwe aharanira agateka kazina muntu.

Amnesty International isaba ko ivyo bikorwa vyo guhohotera abantu bihagarikwa vuba bwango, kandi uwo wese afise ico yagirizwa akwiye gushengezwa imbere y’inzego z’ubutungane zitagira aho zegamiye.

Iyo raporo yagiriza ibiro bikuru vy’iperereza n’igipolisi c’Uburundi kuba aribo bakora ivyo bikorwa vy’ihohoterwa kuva mu kwezi kwa kane uy mwaka w’2015.

iyo raporo ya, Amnesty International, ivuga ko amatohoza ryagize yatumbereye ibiro vy’iperereza no mu kigo c’abapolisi kiri aho bita “Kwa Ndadaye” mu gisagara ca Bujumbura.

Amnesty International, isaba Reta kurengutsa imbere y’ubutungane abo bose baba abo mu nzego z’iperereza canke igipolisi bashingwako urutoke mur’ivyo bikorwa vy’ihohotera ku bantu.

Ku bw'iyo raporo ya Amnesty International, amakungu akwiye gusaba Reta y’Uburundi kureka abakurikirana ivy’agateka kazina muntu b’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, komisiyo ya Afrika ijejwe agateka kazina muntu, n’intumwa idasanzwe ya ONU kuvy’uguhohotera agateka kazina muntu bakaja gutohoza kur’ubwo bugizi bwa nabi.

Twageregeje kuvugana n'abategetsi ba Reta y’uburundi bavuga ko hakiri kare kugira bagire ico bashikirije kur’ivyo birego.

XS
SM
MD
LG