Uko wahagera

Boko Haram Yoba Yiteguriye Ibiganiro


Hashize imyaka itandatu Abubakr Shekau arongoye umurwi wa Boko Haram
Hashize imyaka itandatu Abubakr Shekau arongoye umurwi wa Boko Haram

Perezida wa Chad amenyesha ko Umuhari wa Boko Haram woba ufise umukuru mushasha yiteguye kuganira n’igihugu ca Nigeriya mu ntumbero yo guhagarika iterabwoba rimaze imyaka itandatu rikorwa n’abanywanyi b’uwo muhari.

Perezida Idris Deby yabwiye iradiyo y’ico gihugu kur’uyu wa gatatu ko yaronse amakuru avuga ko umukuru mushasha w’umuhari w’iterabwoba muri Nijeriya Boko Haram azwi kw’izina rya Mahamat Daoud yiteguye kugiranira ibiganiro n’abategetsi ba Nigeriya mu ntumbero yo guhagarika intambara iriko irabera mu buraruko bwa Nijeriya.

Hashize imyaka itandatu Abubakr Shekau arongoye umurwi wa Boko Haram, inyuma yahoo igipolisi ca Nijeriya ciciye umurongozi mukuru w’uyo murwi yar’azwi kw’izina rya Muhammad Yussuf.

Shekau yaciye ahindura uwo muhari wari ushingiye kuvy’idini awugira umurwi w’abicanyi ufise intumbero yo kurwanya ibihugu bitunze kw’isi bigomba gutegeka muri Nijeriya.

Kuva ico gihe haraheze amezi atari make Shekau atiyamamariza ku rubuga rwa internet.

Bamwe mu bakurikiranira hafi intambara zibera mur’ako karere baremeza ko uyo muhari ata murongozi ufise. Abandi bakavuga ko Shekau yishwe.

Perezida Deby, yarigeze kugomba gutanguza ibiganiro n’umuhari wa Boko Haram, ubu naho ahanura ko atawogirana ibiganiro n’umurongozi atazwi.

Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari yamenyesheje inyuma y’aho atorewe mu kwezi kwa gatatu ko yiteguye kuganira n’umuhari wa Boko Haram.

Intumbero ya Boko Haram kwari ukwikebera ama leta atatu yo mu buraruko kugira bayagire amaleta ashingiye kw’idini rya Islamu.

Boko Haram yaragize imbohe abana b’abanyeshure baharurwa mumajana, yica n’ibihumbi vy’aba Mizilima n’abakristu, inatanguza ingwano yatumye abanyanijeriya barenga umuliyoni n’igice bata izabo.

Hagati aho perezida Buhari yategetse igisirikare kuba ca sambuye umugwi w’intagondwa za Boko Haram mu mezi atatu atarenga.

Ivyo, perezida Buhari yabivuze kuri uno musi wa kane aho yari mubirori vyo kurahiza abasirikare bakuru bakuru

XS
SM
MD
LG