Uko wahagera

Abanyepolitike mu Burundi Basabwa Gusubira mu Biganiro


Map of Burundi
Map of Burundi

Ibibazo vya politike n’umutekano muke, bibandanya mu Burundi, bisaba kwihanganirana, ubuyobozi n’ukubona kure, ku mpande zose, mu Burundi, kugira bitume ubwicanyi butabandanya.

Ivyo vyatangajwe n’intumwa zidasanzwe ziserukira amakungu mu karere k’ibiyaga binini.

Izo ntumwa zariyamirije ibitero biherutse kugirwa, zikaba zihayagiza abo bose barika batera akamo gasaba gutekana.

Umurwi w’intumwa zidasanzwe ziserukira amakungu, zirimwo, intumwa idasanzwe y’umumnyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, mu karere k’ibiyaga binini, Said Djinnit, Intumwa idasanzwe y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, Ibrahima Falll , intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello, umutegetsi mukuru w’umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi akwirikirana ivyerekeye akarere k’ibiyaga binini, Koen Vaervaeke, intumwa idasanzwe y’igihugu c’Ububiligi mu karere k’ibiyaga binini, Frank De Coninck, bariko basaba ihaganikwa bidatevye vy’ubwicanyi, kwubahiriza uburenganzira bw’ikiremwa mukuru, n’ubwingenge ngenderwako hamwe n’ugusubira kubandanya ibiganiro bihuza abanyepolitike bose.

Izo ntumwa zidasanzwe ziserukira amakungu mu karere k’ibiyaga binini ziriyamiriza iyicwa rya General Adolphe Nshimirimana, igitero cahatswe guhitana ubuzima bwa Petero Clave Mbonimoa, aharanira uburenganzira bw’ikiremwa muntu mu Burundi, n’igitero cagizwe ku mumenyeshamakuru, Esdras Ndikumana, n’abandi, izo ntumwa zikaba zisaba abo bose babigizemwo uruhara kubibazwa hisunzwe amategeko.

Izo ntumwa zimenyesha kw’ubwicanyi butazotorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi, kw’ahubwo bizotera umutekano muke kurushiriza.

Gukokeza ubwicanyi bizokwiyamirizwa, kandi bizokwambika iceyi abazoba babikoze.

Intumwa zidasanzwe ziserukira amakungu mu karere k’ibiyaga binini, zisaba Reta y’Uburundi, n’izindi mpande za politike, gusubira zidatevye kwiyemeza ku biganiro bidakumira kandi ata kibazo na kimwe bisiga inyuma.

Izo ntumwa zimenyesha kw’ibiganiro nkivyo kugira vyizigirwe, kandi bigire ico bishikako, biteregezwa kwihweza ibibazo nkoramutima birimwo kwubahiriza agetake ka muntu, ubwigenge bw’igikorwa c’ugutangaza amakuru, n’ubundi bwigenge ngenderwako, hamwe n’ubuyobozi atawe bukumira.

Intumwa zidasanzwe ziserukira amakungu mu karere k’ibiyaga binini, zimenyesha kw’ingingo inama nshingamateka y’Uburundi yafashe mu ndwi iheze y’ugukuraho ibitigiri bifatiye ku bwoko n’igitsina mu bagize umurwi nyobozi w’urwo rwego, vyerekana umugambi w’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi w’ugukuraho imwe mu nkingi z’amahoro n’umutekano zatumye Uburundi buva mu ngwano yamaze igihe kirekire.

Izo ntumwa zasavye impande zose gusubira kwiyemeza, ku vyerekeye amasezerano y’i Arusha n’ingingo zayo zerekeye gusangira ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG