Uko wahagera

Amerika Yarahagaritse Infashahanyo Yari Igenewe Uburundi


Inshuti n'abagenzi bagandeye, ku musi wa gatanu, italiki 3 z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'2015, ku maziko ya Patrick Ndikumana, yishwe, mu gitero c'igipolisi kw'Ijabe mu ndwi iheze
Inshuti n'abagenzi bagandeye, ku musi wa gatanu, italiki 3 z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'2015, ku maziko ya Patrick Ndikumana, yishwe, mu gitero c'igipolisi kw'Ijabe mu ndwi iheze

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyasha ko zihagaritse zimwe muri programa zerekeye infashanyo, mu vyerekeye umutekano, mu Burundi kubera ityozwa ry’agateka ka muntu ryagizwe n’igipolisi, mu kiringo c’imyiyerekano, hamwe n’ingingo ya Reta y’Uburundi y’ukubandanya ivyo Reta Zunze Ubumwe za Amerika zise amatora y’abashingamateka, n’abajenama b’amakonini, atakwije ibisabwa.

Ubushikirangaji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, mw’itangazo ku muhingamo wo ku musi wa kane, bwatangaje kw’ingingo ya prezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza, y’ukwitoza mu kiringo kigira gatatu, vyatumye abarundi batari bake bapfa, bituma abandi barenga 144,000 bahungira mu bihugu bibanyi, n’ubutunzi bw’igihugu businzikara bikomeye.

Zeta Zunze Ubumwe za Amerika, zitangaza kw’ingingo ya Reta y’Uburundi y’ukugirisha amatora y’abashingamateka kw’italaiki 29 z’ukwezi kwa gatandatu, naho ibikenewe bitari vyubahirijwe na gato, kugira habe amatora atagira akanenge, vyatumye ibintu vyari bisanzwe bimeze nabi vyunyuka.

Ubushikiranganjai bujejwe imigenderanire bwa Amerika, bwasavye Reta y’Uburundi incuro zitari nke kwumvira akamo katewe n’amakungu, ku vyerekeye kwigizayo amatora y’umukuru w’igihugu yo kw’italiki 15 z’ukwezi kw’indwi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye prezida w’Uburundi, Patero Nkurunziza, gushira ineza y’abarundi imbere y’inyungu ziwe bwite , n’ukugirana ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta, kugira batorere inyishu iciye mu mahoro ibibazo Uburundi burimwo.

XS
SM
MD
LG