Uko wahagera

Abarundi Ibihumbi n'Ibihumbi Babandanya Guhunga Uburundi, ku bwa HCR


Impunzi z'Abarundi mu Rwanda
Impunzi z'Abarundi mu Rwanda

Impunzi z’Abarundi zigera ku bihumbi cumi zarahunze Uburundi mu mpera z’indwi irangiye, imbere yuko Reta y’Uburundi yugara imbibe, ku musi w’Imana ku muhingano imbere y’amatora yo ku musi wa mbere.

Ku bw’abategetsi ba Reta y’Uburundi, imbibe zizokwugarwa mu kiringo c’amasaha mirongo ine n’umunani. Impunzi muri iki gihe zitegerezwa gukoresha ibibanza bidasanzwe vy’ukujabukiramwo imbibe nk’amashamba kugira zive mu Burundi.

Ibiro vy’ishirahamwe ryitaho impunzi, HCR, mu bihugu vya Tanzaniya, Urwanda, na Republika iharanira demokrasi ya Congo, vyatangaje kw’ibitigiri vy’impunzi zashitse muri ivyo bihugu hagati mu ndwi irangiye, vyiyongeye bikomeye.

Mu mpera z’iyi ndwi irangiye ibitigiri vy’abashika vyariyongeye, abarenga ibihumbi bitandatu barashitse mu gihugu ca Tanzaniya, mu gihe abarenga ibihumbi bitatu bashitse mu Rwanda.

Ku musi wa mbere Abarundi amajana indwi na mirongo irindwi n’indwi gusa, nibo bashitse mu Rwanda, mu gihe abarenga ibihumbi bibiri bashitse mu gihugu ca Tanzaniya baciye mw’ishamba.

Impunzi zigera ku bihumbi ijanana na mirongo ine na bine zimaze guhunga Uburundi, kuva mu ntango z’ukwezi kwa kane.

Mu gihe mu ntango igitigiri kinini c’impunzi zari zigizwe n’abapfasoni n’abana, mu bihe vya vuba, igitigiri gitera ciyongera c’abagabo bahunga caribonekeje.

Batanga akarorero k’ukunanirwa kw’utwiogoro tw’ugutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi muri iki gihe, n’ukutagira umwizero wa kazoza nk’impamvu zituma bahunga, hamwe n’ubwoba kw’ubwicanyi n’uruhagarara bizokwiyongera mu kiringo c’amatora, yatanguye ku musi wa mbere n’abatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine, azorangizwa n’amatora y’umukuru w’igihugu azoba kw’italaiki cumi na zitanu z’ukwezi kw’indwi.

XS
SM
MD
LG