Uko wahagera

Burundi: Ku bwa Amerika, Amasezerano y'i Arusha Ategerezwa Kwubahirizwa


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Mu gihe abategetsic b’ibihugu vyo muri Afrika babandanya gukora kugira bahagarike uruhagarara rwa politike n’ubwicanyi mu Burundi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasubiye gutera akamo prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, k’ukwubahiriza ingingo y’amasezerano y'i Arusha itegekanya ibiringo vy’umukuru w’igihugu, kugira umutekanao ugaruke mu Burundi, n’ugutuma igihugu c’Uburundi cogorora, inyuma y’indwi zitari nke z’uruhagarara n’ubwicanyi.

Mu gihe ingingo yiwe, idahuriweko na bose, y’ukurondera ikindi kiringo igeramiye ubutunzi n’intambwe mu nzira ya demokrasi mu Burundi, Prezida Nkurunziza, ategerezwa kwiyumvira ukugene ukugerageza kugumana ku butegetsi kwiwe bizogira ingaruka kuri kazoza k’igihugu ciwe, n’ibintu vyiza yakoze yokwibukirwako.

Abategetsi b’ibihugu vya Tanzania, Uganda na Kenya, hamwe na prezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma, barabonanye kw’italiki 31 z’ukwezi kwa gatanu, mu gihugu ca Tanzania, aho baganiye uruhagarara ruri mu Burundi, inyuma y’inama yari yabaye imbere yaho kw’italiki cumi na zitatu z’ukwezi kwa gatanu.

Basavye kwigiza inyuma amatora n’ibiburiburi mu kiringo c’ukwezi n’igice, kugira bitume ibikenewe kugira habe amatora n’ukwaka ibirwanisho imikangara y’abarwanyi bavyitwaje bibe vyashitsweko.

Imyiyerekano yadutse, mu Burundi, mu mpera z’ukwezi kwa kane, mu kwishura ku ngingo ya prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, y’ukwitoza mu kindi kiringo mu matora yo kw’italiki 26, z’ukwezi kwa gatandatu.

Ababirwanya bavuga ko binyuranye n’ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha yagize uruhara rukomeye cane, mu guhagarika ingwano yamaze imyaka cumi n’itatu mu Burundi.

Aho Reta ya Amerika ihagaze haracari uko amasezerano ya Arusha ategerezwa kwubahirizwa, kw’ukurenga kuri ayo masezerano ukwarikwo kwose bigeramira bikomeye umutekano w’Uburundi.

Ibikenewe kugira habe amatora mu mwidegemvyo, ku mugaragaro kandi yizigiwe, ntabihari muri iki gihe, kubera abanyepolitike batagira aho bavugira, itangazamakuru ryigenga ryugawe, kandi hari amakuru abandanya avuga ku bwicanyi n’ugutera ubwoba abantu bigirwa n’abarwanyi b’imikangara bitwaje ibirwanisho b’umugambwe uri ku butegetsi.

Ivyo ntibijanye n’ingendo y’igihugu kirangwa na Demokrasi, cane cane igihugu cimirije amatora.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba impande zose zegwa n’ibibazo vyo mu Burund,i hamwe n’ibihugu vyo mu karere, kwihangana. Reta Zunze

Ubumwe za Amerika zisaba impande zose kubandanya gushigikira utwigoro tw’amahorof tubandanya, mu mugambi w’ugutora inyishu yisunga amasezerano y'i Arusha, n’ukwirinda ibikorwa ivyarivyo vyose bishobora gutuma haba umutekano muke, canke bikageramira ukugendera ku mategeko mu Burundi.

XS
SM
MD
LG