Uko wahagera

Amerika Iriyamiriza Ikiringo ca Gatatu c'Umukuru w'Igihugu mu Burundi


Leta zunze ubumwe z'Amerika zirabandanya kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu gitandukanye n'amasezerano ya Arusha.

Leta Zunzubumwe za Amerika zirasubiye kumenyesha aho zihagaze zimenyesha ko leta y’Uburundi yokwisunga amasezeramno ya Arusha ku bijanye n’ibiringo vy’abapresida.

Ayo masezerano yumvikanyweko n’impande zose, yarahagaritse indyane zari zimaze imyaka myinshi, atako arubakira Uburundi umushinge ukomeye wofasha ico gihugu gutora itoto ry’ibihugu bivuye mu ntambara. Iyo ngendo ya Nkurunziza yo kwiyobagiza ibijanye n’ibiringo bitegekanijwe n’amasezerano ya Arusha, irahungabanije akarere, itera umutekano muke, ituma n’Uburundi bubaho nabi mu vyerekeye ivyubutunzi.

Ingendo igayitse yo kutareka abanyapolitiki ngo bakore mu mwidegemvyo, gucura bufuni na buhoro abakora imyiyerekano, gufata ku gakanu sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, n’umurwi CENI, n’uguha ibirwanisho urwaruka rwumuganmbwe uri ku butegetsi ngo rukandamize abatavuga rumwe na leta. Ivyo vyose biteye kubiri n’ingendo ya demokarasi n’imvugo ya perezida Nkurunziza avuga ko ashigikiye amasezeraano ya Arusha.

Leta zunzubumwe z"Amerika zifatanije n’ibihugu vyakarere ka Afrika mu ngingo bafashe yo gudasaba kwunguruza amatora, isaba impande zose guhagarika imishamirano, nukwaka ibirwanisho urwaruka rwegamiye imigambwe.

Leta zunzubumwe z'Amerika zirateye intege akarere ngo kabandanye gafasha muriyo ngendo yo gutorera inyishu Uburundi no kuguma bagendera ico gihugu kugira amasezerano ya Arusha abariyo aguma yubahirizwa kugira mu Burundi habe amatora arangwa n’ubwigenge ubutungans landi yemewe n’imirwi yose.

XS
SM
MD
LG