Uko wahagera

Prezida wa FIFA, Sepp Blatter, Yatanze Imihoho


Prezida wa FIFA Sepp Blatter
Prezida wa FIFA Sepp Blatter

Sepp Blatter, prezida w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA yaratanze imihoho giturumbuka ejo ku musi wa kabiri mu gihe ishirahamwe FIFA riri mu marorerwa ajanye n’ibiturire.

Blatter yari aherutse gusubira gutorwa kuyobora ishirahamwe FIFA mu kiringo kigira gatanu haheze imisi ine gusa.

Yasavye ko haba ikoraniro ridasanzwe ry’ishirahamwe FIFA, kugira rihitemwo prezida mushasha, akaba yameneysheje kw’azobandanya kuyobora ishirahamwe FIFA gushika ico gihe.

Gutora umuprezida mushasha w’ishirahamwe FIFA, bifata amezi atari make. Abazi ukugene bigenda bavuga kw’amatora ashobora kuboza hagati y’ukwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka, n’ukwezi kwa gatatu kw’umwaka uza w’2016.

Sepp Blatter, yatangaje iyo ngingo y’ugutanga imihoho mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, mu gisagara ca Zurich.

Ibiro bikwirikirana inkozi z’ikibi vyo muri Amerika, FBI n’igipolisi c’igihugu c’ubu Swisse, vyarahagaritse mu ndwi iheze abayobozi bakomeye b’ishirahamwe FIFA bari bakoraniye mu gihugu c’ubu Swisse, ku vyagirizo vyuko bakiye ibiturire vy’imiliyoni n’imiliyoni y’amadolari, kugira borohereze abatanze ivyo biturire, kwakira amahiganwa mpuzamakungu y’umupira w’amaguru, harimwo igikombe c’isi yose.

XS
SM
MD
LG