Uko wahagera

Intumwa ya O-N-U, Said Djinnit, yabonanye na prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza.


Intumwa y'ishirahamwe O-N-U, Said Djinnit
Intumwa y'ishirahamwe O-N-U, Said Djinnit

Mw’ijambo yashikirije abamenyeshamakuru inyuma yaho, yasubiye kumenyesha kw’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu rujejwe kwubahiriza sumutekano kw’isi rwiyamirije igeregezwa ry’ugutembagaza Reta, n’akamaro k’ibiganiro hagati y’abanyepolitike bigenewe gutua haba amatora yigenga kandi atagira utunenge mu Burundi.

Sid Djinnet abandanya kuvugana n’impande zitandukanye mu mugambi w’ugusubira gutumako ibiganiro hagati y’abanyepolitike mu buryo bwihuta bushoboka. Azocira ku mayange ejo ku musi wa gatatu urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, n’abamenyeshamakuru ku vyerekeye urugendo rwiwe mu Burundi n’abo babonanye.

XS
SM
MD
LG