Uko wahagera

Mu Burundi habaye ihinduka muri Reta.


Prezida Nkurunziza yahinduye guverinoma
Prezida Nkurunziza yahinduye guverinoma

Mu Burundi habaye ihinduka muri Reta. Alain Nyamitwe yaserukira Uburundi mu muryango w'Ubumwe bwa Afrika Addis Abeba yagenywe kuba umushikiranganji mushasha ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'amakungu, asubiriye Laurent Kavakure.


Umushikiranganji mushasha w'ukwivuna abansi, Emmanuel Ntahomvukiye asubiriye General Pontien Gaciyubwenge.

Mu gihe c'imyiyerekano, Gaciyubwenge yigeze kuvuga kw'igisirikare kitazgogira uruhande gihengamirako kandi yariyamirije kurasa ku banyagihugu.
Umushikiranganji mushasha ajejwe ubudandaji ni Mme Irina Inantore.

Ibi bibaye inyuma yuko habaye igeregezwa ry'ugutembagaza ubutegetsi mu Burundi.

Muri ico gihe, Imiyerekano mu gisagara ca Bujumbura yasubiye gutangura ubudasa bwibonekeje nuko uyu musi abasirikare aribo basubirijwe abapolisi mu gucungera imyiyerekano. Ku musaga abasirikare bahatswe gucanamwo bapfa ko bamwe bashaka kurasa abagira imyiyerekano abandi bagashaka kubakingira.

XS
SM
MD
LG