Uko wahagera

Burundi:Jenerali Niyombare Yakoze Kudeta


Jenerali Majoro Godefroid Niyombare ageza ijambo ku Barundi tariki ya 13 y'ukwa gatanu 2015. Ni muri Radiyo RPA
Jenerali Majoro Godefroid Niyombare ageza ijambo ku Barundi tariki ya 13 y'ukwa gatanu 2015. Ni muri Radiyo RPA

Mu Burundi, Jenerali Major Godeffroid NIYOMBARE amaze gutangaza ko yakuyeho perezida Petero Nkurunziza.

Aho ni mu gihe uyu mukuru w'igihugu NKURUNZIZA yari mu nama i Dar es Salaam muri Tanzaniya aho ari kumwe n'abandi bakuru b'ibihugu bo mu karere ka Afurika y'ubuseruko biga ikibazo c'umutekano muke uri mu Burundi.


Ivyo bibaye nk'isaha indwi n'iminota mirongo itatu inyuma y'imyiyerekano ifise inguvu nyinshi yariko irabera mu gisagara ca Bujumbura aho abava mu makomine yose y'igisagara ca Bujumbura bari bagerageje kugiraa bahurire mu gisagara hagati biyamiriza ikindi kiringo ca Nkurunziza.

XS
SM
MD
LG