Uko wahagera

Burundi: Igipolisi Cararshe Abantu Batatu Bari mu Myiyerekano


Imyiyerekano y'ukwiyamiriza ikindi kiringo ca prezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza yarasubiye kubandanya ku musi wa mbere
Imyiyerekano y'ukwiyamiriza ikindi kiringo ca prezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza yarasubiye kubandanya ku musi wa mbere

Igipolisi mu Burundi carashe abantu batatu, ku musi wa mbere, mu yindi myiyerekano yasubiye kubandanya y’ukwiyamiriza ukurondera gusubira kwitoza kuyobora Uburundi kwa prezida Pierre Nkurunziza.

Ishirahamwe rijejwe gutabara, Croix Rouge, mu Burundi, ryaremeje iyicwa ry’abo bantu batatu.

Abandi batari bake bavurwa ko bakomeretse, ku musi wa mbere, igihe igipolisi carasa ku bari mu myiyerekano, bari mu bice vyo ku nkengera z’umurwa mukuru, Bujumbura.

Abantu cumi na babiri, canke barenga, baramaze kwicwa mu myiyerekano imaze igihe kirenga indwi yiyamiriza ingingo ya prezida Nkurunziza y’ukurondera gusubira kwitoza, mu kiringo kigira gatatu, mu matora yo mu kwezi kuza.

Ibifitanye isano

XS
SM
MD
LG