Uko wahagera

Ubwoba kw'Uburundi Buriko Buja mu Kajagari Butera Bwiyongera


Igipolisi c'Uburundi kiriko gihangana n'abari mu myiyerekano mu gisagara ca Bujumbura
Igipolisi c'Uburundi kiriko gihangana n'abari mu myiyerekano mu gisagara ca Bujumbura

Amashirahamwe ajejwe gutabara y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U aragabisha kw’uguhangana gutera kwiyongera hagati y’abari mu myiyerekano, na Reta y’Uburundi, ku vyerekeye amatora y’umukuru w’igihugu yimirije, mu Burundi, biriko bivyura ubwoba kw’igihugu c’Uburundi kiriko kija mu kajagari. Ibiro vy’ishirahamwe O-N-U bijejwe agateka ka muntu, biriko vyerekana impungen ge zikomeye ku kugene ibintu vyifashe mu gihugu.

Ivyo biro bimenyesha ko bitewe amakenga n’ingingo zikandamiza zitera ziyongera, ziriko zifatwa na Reta y’Uburndi, kugira inumye abanyepolitike batavuga rumwe nayo.

Umuvugizi w’ibiro vy’ishirahamwe O-N-U bijejwe agateka ka muntu, Rupert Colville, avuga ivyerekeye ingingo zitari nke zafashwe n’abategetsi ba Reta y’Uburundi, amenyesha ko zigabanya bikomeye uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro mu mahoro, no mu mwidegemvyo, n’ukugira amakoraniro.

Rupert Colville, avuga kw’abantu amajana n’amajana batawe mu mvuto, kuva imyiyerekano itanguye ku musi w’Imana urangiye.

Amenyesha ko ku bw’inkuru yizigiwe, abantu barenga amajana ane bapfunzwe, mu buryo buzuranye bikomeye cane, aho abapfungwa bategerezwa kuryama bahagaze kubera ukwuzurana. Avuga kw’abapfunzwe bakubiswe cane cane ku maguru no ku bisusu.

Amenyesha ko bamwe mu barekuwe bafise ibibazo vy’ugutambuka kubera gukubitwa.

Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw’ishirahamwe O-N-U, Zeid Ra’d Al Hussein, yaragabishije ku vyuko ibintu bishobora kumera nabi cane mu Burundi, mu gihe amatora yegerereje, inyuma yuko arangije urugendo mu Burundi.

XS
SM
MD
LG