Uko wahagera

Amerika Ibabajwe n'Icyemezo cyo Kwamamaza Nkurunziza


Abari mu myiyerekano yiyamiriza ugusubira kwitoza mu kindi kiringo kwa prezida Petero Nkzurunziza, i Bujumbura.
Abari mu myiyerekano yiyamiriza ugusubira kwitoza mu kindi kiringo kwa prezida Petero Nkzurunziza, i Bujumbura.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zirababajwe bikomeye n’ingingo y’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, y’ukwihoza ingingo zitetekanya ibiringo vya prezida z’amasezerano y’i Arusha, mu kugena prezida Pierre Nkurunziza, nk’umukandida w’uwo mugambwe mu kiringo kigira gatatu.

Kubera iyo ngingo, Uburundi butakaje akaryo gakomeye k’ugukomeza Demokrasi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibandanya gushigikira umugambi w’Abarundi w’ugukwirikirana ubwigenge n’uburenganzira bwabo bwa demokrasi biciye mu mahoro.

Ret Zunze Ubumwe za Amerika zirababajwe n’ako karyo gatakaye, yamara igikorwa kitoroshe c’ukwubaka inzego za demokrasi gitegerezwa kubandanya.

Muri iyo ntumbero, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zisaba impande zose kugira uruhara mu matora n’ukubona kw’ayo matora atawe akumiye, yizewe, yigenga kandi atarimwo iterabwoba canke ubwicanyi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zisaba cane cane Reta y’Uburundi kwubahiriza uburenganzira bw’imigambwe yose n’abakandida bayo kwiyamamaza, kugirisha amakoraniro n’ugushikiriza iviyumviro vyabo biciye mu mahoro.

Zisaba kandi Reta y’Uburundi kwubahiriza uburengenzira bw’abajejwe gutangaza amakuru gutanga amakuru mu mwidegemvyo ku matora n’ibikorwa vy’ukwiyamamaza.

Zisaba kandi Reta y’Uburundi gukorana neza n’ibiro vy’ishirahamwe O-N-U bijejwe gukwirikirana amatora, MENUB, n’abajejwe gukwirikirana amatora bose baba abo mu gihugu, canke bo mu mahanga, mu kiringo cose c’amatora.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zisaba impande zose mu Burundi kwubahiriza amasezerano yateweko igikumu kw’italiki icenda z’ukwezi kwa gatatu y’ukwirinda ibikorwa vyose bishobora kuba haba ubwicanyi, harimwo amajambo y’urwanko, n’akandi gasomborotso, bishobora gutuma baha ubwoba n’umutekano muke mu gihugu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zisubiye gutera akamo, abakandida bose, ababashigikiye, n’Abarundi bose kwiyamiriza uburyo bwose bushobora gutuma haba ubwicanyi, zisaba igipolisi, igisirikare c’Uburundi n’izindi nteko zose zijejwe umutekano, kwubahiriza umutekano mu buryo ataho buhengamiye, mu kiringo cose c’amatora.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zirashimira ibihugu bibanyi vy’Uburundi ku twigoro twavyo tw’ukwakira Abarundi barenga ibihumbi cumi na bitanu bahunze igihugu cabo mu kiringo c’ukwezi kurangiye, zigasaba kw’ivyo bihugu vyobandanya bikorana n’ishirahamwe ryitaho impunzi, HCR n’ugufasha guha ubuhungiro abariko bahunga ubwicanyi n’ugutotezwa, bifatiye ku mpamvu za politike.. Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zisaba ibihugu vyo mu karere kwirinda ibikorwa vyose bishobora gutuma haba umutekano muke mu Burundi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zizobandanya gukwirikiranira hafi uko ibintu bimeze mu Burundi.

XS
SM
MD
LG