Uko wahagera

Prezida Mugabe Yarashavujwe n'Ubwicanyi muri Afrika y'epfo


Imyiyerekano y'ukwiyamiriza urwanko rw'abanyamahanga, mu gisagara ca Durban, mu gihugu ca Afrika y'epfo
Imyiyerekano y'ukwiyamiriza urwanko rw'abanyamahanga, mu gisagara ca Durban, mu gihugu ca Afrika y'epfo

Prezida w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, yariyamirije ibitero n’ubwicanyi biherutse kugirwa, ku bantu baje kugerera mu gihugu ca Afrika y’epfo, vyahitanye abantu bagera kuri batandatu.

Mw’ijambo, ku murwa mukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Harare, prezida Mugabe yarerakanye kw’ashavujwe n’ivyo bitero, ku banyamahanga, vyatanguriye mu gisagara ca Durban, kiri ku nkengera z’ibahari Indien.

Ivyatangajwe na prezida Mugabe, vyabaye igihe yariko yibuka imyaka mirongo itatu n’itanu irangiye igihugu ca Zimbabwe cikukiye. Mu vyo yatangaje, nk’umuyobozi w’ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, SADC, n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, prezida Mugabe yamenyesheje ko kugirira nabi abandi Banyafrika, ata numwe yokwigera avyemera.

Yamenyesheje ko Reta y’igihugu ciwe iriko ishiraho uburyo bw’ugutahukana abanyagihugu bayo.

Kuva ibitero, ku banyamahanga bitanguye, mu gisagara ca Durban, vyaratandukiye igisagara ca Johannesburg. Abatotejwe kurusha abandi n’abava mu bihugu vya Ethiopia, Malawi, Somalia na Zimbabwe.

Igipolisi, mu gihugu ca Afrika y’epfo, carapfunze abantu bagera kuri mirongo ibiri, mu gisagara ca Johannesburg, inyuma yuko inkozi z’ikibi ziteye ibibanza vy’imirimo y’ubudandaji vy’abanyamahanga.

Igipolisi cakoresheje insoro z’imipira, kugira gishwiragize abariko barasahura ivyo bibanza.

XS
SM
MD
LG