Uko wahagera

Perezida wa Afuganisitani Yashimiye Ingabo z'Amerika


Perezida wa Afuganisitani muri Kongere y'Amerika
Perezida wa Afuganisitani muri Kongere y'Amerika

Perezida w’igihugu ca Afghanistani Ashraf Ghani yaragize urugendo rwo gushimira ibihigu bifise abasirikare mu gihugu ca Afghanistani, bagize urunani rwo kugwanya intagondwa, birimwo Reta zunze ubumwe za Amerika.

Bwana Ghani yashimagije abasirikare ba Amerika ku ruhara bagize mu gutsimbataza umwidegemvyo mu gihugu ciwe.
Yatangaje kw’abanyaAfghanistani bashima ubutwari bw’abasiriakre b’abanyamerika hamwe n’utwigoro twakozwe na Amerika mu guteza imbere umwidegemvyo mu gihugu ca Afghanistani.

Urugendo rw’umushingantahe Ghani muri Amerika hamwe n’ikiganiro yahaye Congres ya Amerika ku musi wa kabiri, n’ibintu bidabwa umutegetsi uwariwe wese. Ivyo kandi bifise intumbero yo gukosora utunenge mu migenderanire y’ivyo bihugu uko ari bibiri, twari tumaze imyaka irenga 14.

Perezida wa reta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama hamwe n’umushingantahe Ghani, barabonanye ejo ku musi wa kabiri, bongera barashikiriza ikiganiro abamenyeshamakuru.

XS
SM
MD
LG