Uko wahagera

Bamwe mu Barundi Basabye Perezida Nkurunziza Kutiyamamaza


Prezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza
Prezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza

Abarundi bari hanze y’igihugu barandikiye ikete bateyeko igikumu, prezida w‘Uburundi, Petero Nkurunziza, ryerekeye gusubiza ibintu mu buryo mu gihugu, kurekura abanyororo bose bapfungiwe ivya politike, kutarondera ikiringo kigira gatatu, n’ukugirisha amatora arangwa n’ubwigenge, demokrasi kandi ata numwe akumira.

Abateye igikumu kuri iryo kete, batangaza ko bafise impungenge, ku kugene ibintu vyifashe mu gihugu, ku bijanye n’imibano, politike n’ubutunzi, mu kiringo c’imyaka cumi irangiye.

Bavuga kw’Abarundi bariko barorera igihugu cabo kiriko kija mu manga, ku bijanye n’umutekano, imibano, ubutunzi na politike.

Abarundi bateye igikumu kuri iryo kete, bashaka ko prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, abona kw’ibintu bitifashe neza mu gihugu.

Bamenyesha kw’Abarundi bavuga, imisi yose, ku bibazo igihugu gifise, muri iki gihe, mu biyago mu bunywero, no ku bibanza ngurukanabumenyi.

Bavuga kw’amakungu azi ukugene ibintu vyifashe mu Burundi. Ngw’urugendo abaserukira ibihugu vyo mu mahanga bagize mu Burundi, mu ndwi zirangiye, vyerekana ku buryo buhagije, kw’ibihugu bicuditse n’Uburundi, abatanga infashanyo, n’amakungu, muri rusangi, bazi kw’Uburundi buri hafi y’imanga.

Abarundi barungikiye iryo kete prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, batangaza kw’inyuma yuko biyumviye, incuro zitari nke, bafashe ingingo y’ukuva mu gacerere, kugira bamutere akamo, kubera ariwe wenyene afise inyishu ku kajagari babona kari mu gihugu, kuva abaye umukuru w’igihugu.

Baragabishije kw’amahoro, intwaro ya demokrasi, igihugu kigenedera ku mategeko, ukwumvikana kw’abanyagihugu n’iterambere, mu Burundi, bishobora kugeramirwa n’ingingo yiwe y’ukurondera kwitoza, mu kindi kiringo, mu bishobora kugeramira igihugu nkuko abatari bake baza barabitangaje.

XS
SM
MD
LG