Uko wahagera

Muri Liberia, Ebola Yarasubiye Kwandukira Umunyagihugu


Abategesi bo mu gihugu ca Liberia batangaje ko hari umuntu wa mbere yasubiye kugwara ingwara ya Ebola

Iyo ngwara isubiye kwduka, inyuma y’indwi zitari nke, zari ziheze ico kiza kitavugwa. Bavuga kandi kw’uyo muntu yaciye atwarwa mw’ivuriro riri ku murwa mukuru Monrovia.

Abajejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Liberia, bari bahaye uruhusha rwo kuva mu bitaro umugwayi wa nyuma w’ingwara ya Ebola kw’igenekerezo rya 5 ry’ukwezi kwa gatatu, arinavyo vyari vyatanze akizero kw’ico kiza catujijwe mu gihugu ca Liberia.

Ibihugu bitegerezwa kurindira imisi 42 imbere y’uko umurwayi wa nyuma w’ingwara ya Ebola asubiye gupimwa bagasanga ata ngwara ya Ebola afise.

Igihugu ca Liberia nico casinzikajwe cane n’ikiza ca Ebola, cadutse cane cane mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero.

Abantu barenga ibihumbi 10 nibo bamaze kwicwa n’ico kiza, kandi benshi baba mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, birimwo Liberia, Guinee na Sierra Leone.

XS
SM
MD
LG