Uko wahagera

Nigeria: Nta Bimenyetso kw'Irengero ry'Abigeme Banyurujwe, mu Mwaka Uheze


Umukuru w'umurwi Boko Haram, Abubakar Shekau
Umukuru w'umurwi Boko Haram, Abubakar Shekau

Igisirikare c’igihugu ca Nigeria, gitangaza k’ata bimenyetso catoye kw’irengero ry’abanyeshule b’abigeme barenga amajana abiri banyurujwe mu mwaka uheze n’umurwi Boko Haram, naho cafashe ibisagara bitari bike vyari mu minwe y’umurwi Boko Haram.

Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Nigeria, General Kenneth Minimah, yabwiye abamenyeshamakuru kw’igisirikare kiriko kigira amatohoza ku vyerekeye abo bigeme mu bice vyose vyahabujwe. Yamara yamenyesheje kw’ababajijwe ata na kimwe bavuze gishobora kwerekana kw’abo bigeme bari muri ivyo bice canke bakuwe muri ivyo bice.

Umurwi Boko Haram, wanyuruje abo bigeme kw’ishule yisumbuye ya Reta, mu gisagara ca Chibok, haraheze hafi y’umwaka, kw’italiki cumi na zine z’ukwezi kwa kane, mu mwaka w’2014.

General Kenneth Minimah, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ku musi wa gatatu, yavuze kw’umurwi Boko Haram, muri iki gihe ufise ibice bitatu gusa mu ntara ya Borno, iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria.

Uwo murwi ukaba waratujijwe, mu bice vyose wari wigaruriye, mu ntara za Yobe, na Adamawa.

Yerekanye umwizero kw’ibice bisigaye bizohabuzwa vuba.

Abajijwe nimba amatora ashobora kugirishwa mu bice vyahabujwe, yatangaje kw’ico kibazo akirekeye urwego rujejwe amatora rw’igihugu ca Nigeria.

Abanya Nigeria bazoja mu matora y’umukuru w’igihugu, n’amatora y’abashingamateka, kw’italiki 28 z’ukwezi kwa gatatu. Ayo matora yari yasibishsijw,e mu kwezi kwa kabiri, kubera ikibazo c’umutekano, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, akarere kiziziwe n’umurwi Boko Haram.

XS
SM
MD
LG