Uko wahagera

Israel: Umugambwe Likud, wa Benjamin Netanyahu, Waratsinze Amatora y'Abashingamateka


Umushikiranganji wa mbere vwa Israel, Benjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere vwa Israel, Benjamin Netanyahu

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, yatangaje kw’afise imigambi y’ugushiraho Reta, mu ndwi zibiri canke zitatu zimirije, mu bizomuha uburengenzira bw’ikiringo kigira kane, mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere, inyuma yuko umugambwe wiwe, Likud, utsinze n’ibibanza vyinshi, mu matora y’abashingamateka.

Mu gihe hafi y’amajwi yose amaze guharurwa, umugambwe Likud, waronse ibibanza mirongo itatu, ku bibanza ijana na mironngo ibiri, mu nama nshingamateka, umuntu abigereranije n’ibibanza mirongo ibiri na bine vy’umugambwe wari ukomeye mu guhiganwa, Zionist Union.

Itangazo ryasohowe, ku musi wa gatatu, n’ibiro vya Netanyahu, rimenyesha kw'aza yavuganye n’imigambwe mito mito, kugira ashireho urunani rugizwe n’ibibanza mirongo itandatu na kimwe, mu nama nshingamateka akeneye kuyobora.

Umugambwe umwe uzogira uruhara rukomeye cane, n'umugambwe Kulanu, watsindiye ibibanza cumi, mu nama nshingamateka, mu matora yo ku musi wa kabiri.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yatangaje kw’abanya Israel biteze ko bashiraho ningoga ubuyobozi buzobakorera, ku bijanye n’umutakeno, n’ubutunzi nkuko bavyiyemeje, ngo uko niko bazobigenza.

Umukuru w’umugambwe Zionist Party, Issac Herzog, yaremeye ko yatsinzwe mu matora, akaba yamenyesheje ko yakeje Netanyahu, kw'itelephone. Herzog yatangaje kw’umugambwe wiwe uzobandanya gukorera abanya Israel, nk’umugambwe utavuga rumwe na Reta.

XS
SM
MD
LG