Uko wahagera

Ku bw'Abajejwe Itohoza ba O-N-U, nta Mategeko Abazwa, muri Eritrea


Prezida wa Eritrea, Isaias Afwerki
Prezida wa Eritrea, Isaias Afwerki

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ugira itohoza ku gihugu ca Eritrea, umenyesha ko watoye ibimenyetso bigaragara vy’ityozwa ry’agateka ka muntu, n’ukutabaho na gato kw’amategeko, muri Eritrea.

Umuyobozi mukuru w’umurwi w’ishirahamwe O-N-U ujejwe itohoza, kuri Eritrea, Mike Smith, yashikirije ivyo uwo murwi watohoje urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe agateka ka muntu, i Geneve, uno musi ku wa mbere.

Mike Smith, avuga ko hisunzwe amategeko y’igihugu ca Eritrea, gukwirikirana inyigisho z’igisirikare ari ngombwa kuri bose, benshi mu banya Eritrea akaba ata mwizero bafise, kuri kazoza kabo.

Mike Smith, avuga kw’igitigiri kinini c’abanya Eritrea, baba bakora akazi k’igisirikare, canke k’igisivile, babayeho ku mushahara uri muri y’idolari zibiri ku musi.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, rimenyesha ko Ambassaderi w’igihugu ca Eritrea mw’ishirahamwe O-N-U, Tesfamicael Gerathu, yiyamirije raporo y’umurwi ujejwe itohoza w’ishirahamwe O-N-U, mu kubwira urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe agateka ka muntu, kw’iyo raporo ifatiye ku makuru atizigiwe, atagira ivyemezo kandi atwariza hejuru.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, amaze igihe yagiriza prezida wa Eritrea, Isaias Afwerki, kw’akandamiza abanyagihugu biwe.

XS
SM
MD
LG