Uko wahagera

Zambia: Prezida Mushasha Akeneye Kuja Kwivuza, mu Mahanga


Prezida mushasha wa Zambia Edgar Lungu, ariko mararahira mu mabanga y'ukuyobora igihugu.
Prezida mushasha wa Zambia Edgar Lungu, ariko mararahira mu mabanga y'ukuyobora igihugu.

Abaganga mu gihugu ca Zambia, batangaza ko prezida mushasha aherutse kuva mu matora, Edgar Lungu, akeneye kwivuza mu mahanga, ku ndwara yamutumye arwa hasi, ku musi w’Imana, igihe yariko ashikiriza ijambo ry’uguhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi, ku murwa mukuru wa Zambia, Lusaka.

Ibiro vya prezida w’igihugu ca Zambia, bitangaza ko Lungu, afise indwara mu muhora ucamwo ibifungurwa mu mubiri ituma uba muto, mu bituma umuntu ababara mu gikaraza akagira n’ibibazo vy’ukumira ibifungurwa n’amazi.

Itangazo ry’uno musi ku wa mbere, rimenyesha kw’abaganga basavye prezida Lungu, kurondera kwivuza hanze y’igihugu, kubera uburyo bukenewe bw’ukumuvura iyo ndwara butahari, mu gihugu ca Zambia.

Prezida Lungu, afise imyaka mirongo itanu n’umunani, igihe yasuzumwa vybonekeje ko afise malariya n’uburuhe, inyuma yuko aguye hasi.

Umufasha wiwe, Amos Chanda, yatangaje kw’ibipimo vyakwirikiye, vyasanze mu vyukuri, prezida Lungu afise urugero rw’isukari ruri hasi, mu mubiri wiwe.

XS
SM
MD
LG