Uko wahagera

Intumwa Idasanzwe ya O-N-U, Irishimiye Ibiganiro vy'Amahoro, kuri Libya


Libya kw'ikarata
Libya kw'ikarata

Abahuza b’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, barahagarikiye umusi ugira kabiri w’ibiganiro vy’amahoro, mu gihugu ca Maroc, ku musi wa gatanu, hagati y’ama Reta ahiganwa, mu gihugu ca Libya, mu gihe impande ziri mu biganiro ziriko zerekana ko zishimiye intambwe mu biganiro.

Intumwa y’ishirahamwe O-N-U, mu gihugu ca Libya, Bernardino Leon, avuga kw’afise umwizero, ku masezerano yerekeye umutekano. Amenyesha ko Reta nshasha y’igihugu ca Libya ikeneye uburyo bw’ugukoreramwo, burimwo umutekano..

Bernardino Leon, yarabonanye, uruhande rumwe rumwe ukwarwo, n’abaserukira Reta y’igihugu ca Libya yemewe n’amakungu, n’intagondwa z’aba Islamu zigaruriye umurwa mukuru wa Libya, Tripoli, zishiraho Reta yazo itandukanye.

Ayo ma Reta abiri ntiyahuye, amaso mu yandi, mu ncuro z’ibiganiro zabaye imbere yaho, yamara abategetsi b’ishirahamwe O-N-U bafise umwizero w’ugutuma izo mpande zibiri zivugana.

Itororokanirizo ry’amakuru, al-Jazeera, ryatangaje, ku musi wa gatanu, kw’izo mpande zibiri ziriko zegereza amasezerano, kuri Reta y’ubumwe.

Iryo tororokanirizo ry’amakuru rikaba ryasubiyemwo umutegetsi wo muri Reta, iri ku murwa mukuru wa Libya, avugako kw’integuro y’ayo masezerano izorungikirwa ishirahamwe OZ-N-U, mu buryo bwihuta bushoboka.

XS
SM
MD
LG