Uko wahagera

Iraki: Inteko za Reta Zaratujije Umurwi, Islamic State, mu Gisagara ca al-Baghdadi


Iraki kw'ikarata
Iraki kw'ikarata

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, bwatangaje kw’inteko z’igihugu ca Iraki zatujije abarwanyi b’umurwi Islamic State mu gisagara ca al-Baghdadi mu buraruko bw’igihugu ca Iraki, hafi y’ikibanza ca gisirikare inteko za Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zimenyerezamwo abanya Iraki.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje, ku musi wa gatanu, kw’inteko z’igihugu ca Iraki n’abarwanyi bava mu ntara ya Ambar, batujije umurwi Islamic State, mu gisagara ca al-Baghdadi.

Urunani ruyobowe na Amerika rwarafashije inteko za Iraki, n’ibitero vy’indege z’ingwano, mu bibanza vyarimwo abarwanyi b’umurwi Islamic State.

Inteko z’igihugu ca Iraki zarishe abarwanyi b’umurwi Islamic State, batari bake, bagerageje gutera ikibanza ca gisirikare ca Amerika, hafi y’igisagara ca al-Baghdadi, mu kwezi guheze.

XS
SM
MD
LG