Uko wahagera

Prezida Obama, Arashigikiye Raporo y'Ubushikiranganji Bujejwe Ubutungane, ku Vyerekeye Igisagara ca Ferguson


Prezida wa Amerika, Barack Obama ariko arumviriza ibibazo kuri kaminuza, Benedict College, mu gisagara ca Columbia, muri Reta ya Carolina yo mu bumanuko, kw'italiki 6 z'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'2015.
Prezida wa Amerika, Barack Obama ariko arumviriza ibibazo kuri kaminuza, Benedict College, mu gisagara ca Columbia, muri Reta ya Carolina yo mu bumanuko, kw'italiki 6 z'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'2015.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yatangaje, ku musi wa gatanu, kw’ashigikiye ivyatohojwe n’ubushikiranganji bujejwe ubutungane, vy’uko abapolisi b’abazungu, mu gisagara ca Ferguson, muri Reta ya Misouri, baboneye abirabure b’abanyamerika.

Prezida Obama, yabwiye abanyeshule kw’ishule kaminuza, Benedcit College, ishule igizwe ahanini n’abirabure mu gisagara ca Columbia, mu ntara ya Carolina yo mu bumanuko, ku musi wa gatanu, ko raporo, yo muri iyi ndwi, y’ubushikiranganji bujejwe ubutungane bwa Amerika, ku gisagara ca Ferguson, itomoye neza.

Prezida Obama, avuga kw’ivyo babonye ari uko ibiro vyc’igipolisi, mu gisagara ca Ferguson, bifatanije n’inzego za Reta zo muri ico gisagara, vyahagaritse, biha amatike abirabure ku mabarabara, nk’uburyo bw’uguronka amafranga, ah’ugukorera abanyagihugu baba muri ico gisagara.

Prezida Obama avuga kw’iyo nyifato yaboneye abirabure b’abanyamerika muri ico gisagara bahagaritswe, baraburabuzwa, bafatwa nabi, baratyozwa baritwa amazina, bongera baratangishwa amahadabu.

Prezida Obama, avuga kw’igisagara ca Ferguson, muri iki gihe, kizotegerezwa gufata ingingo y’ugutorera inyishu ibitagenze neza, ngo canke ico gisagara citege urubanza rushobora gushingishwa n’ubushikiranganji bujejwe ubutungane.

XS
SM
MD
LG