Uko wahagera

Lesotho: Umugambwe Uhanganye na Perezida Washizeho Reta y'Urunani


Abanya Lesotho barindiye gutora, hanze y'umurwa mukuru wa Lesothto, Maseru
Abanya Lesotho barindiye gutora, hanze y'umurwa mukuru wa Lesothto, Maseru

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, mu gihugu ca Lesotho, washizeho Reta y’urunani, inyuma y’amatora y’abashingamateka ata mugambwe numwe yahaye intsinzi igaragara.

Umugambwe Democratic Congress, warangije mu kibanza ca kabiri, mu matora yabaye, ku musi wa gatandatu w’indwi iheze ,n’ibibanza mirongo itatu n’indwi, ibibanza bitatu inyuma y’umugambwe w’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Lesotho, Thomas Thabane, All Basotho Convention, watsindiye ibibanza mirongo ine.

Umuyobozi w’umugambwe, Democratic Congress, Pakalitha Mosisili, niwe yagenywe kuyobora urwo rurani rurimwo kandi umugambwe Lesotho Congress for Democracy, n’iyindi migambwe mitomito itanu.

Mothejoa Metsing, yabaye icegera ca Thomas Thabane, igihe yari umushikiranganji wa mbere, yagenywe kuba icegera ca Pakalitha Mosilisi.

Mu kiganiro yatanze, ku musi wa gatanu w’indwi iheze, kw'Ijwi rya Amerika, Metsing yaremeje imigambi yiwe y’ugushiraho Reta y’ubumwe iyobowe na Mosisili.

Ibibanza mirongo itandatu na kimwe vyari bikenewe, kugira habe intsinzi igaragara.

Abanya Lesotho batoye ibibanza mirongo umunani vy’inama nshingamateka.

Ibibanza 61 vyari bikenewe, kugira habe intsinze igaragara.

Ivyavuye mu matora vyashikirijwe, inyuma yuko ibice ijana kw’ijana vy’amajwi aharuwe, yamara urwego rujejwe amatora ataco ruratangaza icese.

Amatora yo ku musi wa gatandatu w’indwi iheze, yabaye imyaka ibiri imbere y’igihe cari gitegekanijwe, yakwirikiye coup d’etat yageragejw,e mu kwezi kw’umunani kw’umwaka uhez,e yatumye umushikiranganji wa mbere wa Lesotho, Thomas Thabane, ahaunga igihugu mu kiringo gitoyi.

XS
SM
MD
LG